12 Hazoba ari kugira ngo uronke isahu ryinshi+ no kugira ngo unyage vyinshi, ngo uhindukirize ukuboko kwawe ku bibanza vyatikijwe bigasubira kugerērwamwo+, no ku gisata c’abantu bakoranirijwe hamwe bakuwe mu mahanga+, icirundaniriza ubutunzi n’amatungo+, abibera hagati na hagati+ y’isi.