ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 11:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nanje ndaza kumanuka+, mvuganire nawe ng’aho+; kandi ndaza gukura nkeyi ku mpwemu+ iri kuri wewe ndayishire kuri bo, na bo bazogufasha kwikorera umutwaro w’abo bantu kugira ngo ntuwikorere wenyene+.

  • Gusubira mu vyagezwe 1:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nimurondere abagabo b’inkerebutsi, b’ubwenge+ kandi bazi utuntu n’utundi+ bo mu miryango yanyu, kugira ndabagire abakuru banyu+.’

  • Ivyakozwe 6:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Nuko rero, bene wacu, nimwironderere+ abagabo indwi bashingirwa intahe nziza bo muri mwebwe, buzuye impwemu n’ubukerebutsi+, kugira ngo tubashinge iki gikorwa ca nkenerwa;

  • 1 Timoteyo 3:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Umucungezi akwiye rero kuba ata co anegurwa+, ari umugabo w’umugore umwe, atarenza urugero+ mu ngeso, aroranye mu muzirikanyi+, umunyarutonde+, umwakiranyi+, ashoboye kwigisha+,

  • Tito 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 agumya ijambo ryo kwizigirwa ku bijanye n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha+, kugira ashobore guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro*+ no gukangira+ abayivuguruza.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika