ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 12:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Aho ni ho mutegerezwa kuzana amashikanwa yanyu aturirwa+, n’ibimazi vyanyu, n’ivy’icumi vyanyu+, n’intererano yo mu kuboko kwanyu+, n’amashikanwa yanyu y’indagano+, n’amashikanwa yanyu atangwa ku bushake+, n’ivy’uburiza vyo mu busho bwanyu n’ivyo mu mukuku wanyu+.

  • 1 Ngoma 29:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nuko abantu banezerezwa no kubona bariko batanga amashikanwa yo ku bushake, kuko bashikanira Yehova n’umutima ukwiye amashikanwa atangwa ku bushake+; mbere na Dawidi umwami ubwiwe anezerwa akanyamuneza kenshi+.

  • 2 Ngoma 35:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Abaganwa biwe+ na bo batanga intererano yo kuba ishikanwa ritangwa ku bushake ku bw’abantu+, ku bw’abaherezi no ku bw’Abalewi. Hilikiya+ na Zekariya na Yehiyele, bwa ndongozi z’inzu y’Imana y’ukuri, baha abaherezi ibitungwa ibihumbi bibiri n’amajana atandatu be n’inka amajana atatu, ngo bibe imbagwa za pasika.

  • Ezira 2:68
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 68 Bamwe mu bakuru+ b’amazu ya ba sekuru+, aho bashikiye ku nzu ya Yehova+ yari i Yeruzalemu+, batanga amashikanwa atangwa ku bushake+ ku bw’inzu y’Imana y’ukuri, kugira ngo batume ihagarara ku kibanza cayo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika