14 Maze basanga mw’itegeko handitswe ko Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa+ yuko bene Isirayeli bakwiye kuba mu nsago+ mu gihe c’umusi mukuru mu kwezi kugira indwi+,
16 Nuko abantu barasohoka, barabizana, baraheza biyubakira insago, umwe wese ku gisenge+ ciwe no mu bigo vyabo no mu bigo+ vy’inzu y’Imana y’ukuri no mu kibanza ca bose+ co kw’Irembo ry’Amazi+ no mu kibanza ca bose co kw’Irembo rya Efurayimu+.
17 Gutyo ishengero ryose ry’abari baragarutse bavuye mu bunyagano, bubaka insago maze baba muri zo; kuko bene Isirayeli batari barakoze gutyo kuva mu misi ya Yosuwa mwene Nuni+ gushika uwo musi, ku buryo haba umunezero mwinshi cane+.