ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 25:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “‘Mwene wanyu niyacika mworo, akabwirizwa kugurisha igipande c’itongo ryiwe, umucunguzi w’incuti ya hafi ategerezwa rero kuza akagaruza ico mwene wabo yagurishije+.

  • Gusubira mu vyagezwe 15:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+.

  • Zaburi 41:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 41 Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi+.

      Ku musi w’ivyago Yehova azomukiza+.

  • Imigani 14:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Umuntu ntahonikora arankwa mbere no kuri mugenziwe+, mugabo abagenzi b’umutunzi ni benshi+.

  • Imigani 17:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Uwutwengera mw’ijigo ntahonikora aba asize iceyi Uwamuhinguye+. Uwunezererwa icago c’uwundi ntazobura guhanwa+.

  • Imigani 19:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+, kandi ivyo akoze azobimwishura+.

  • Mariko 14:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kuko aboro+ mubamana, kandi igihe cose mubishakiye murashobora kwama mubagirira neza, mugabo jewe ntimuzonyamana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika