26 Batuma rero ku mwami wa Ashuri bati: “Ya mahanga wajana mu bunyagano ukayashira mu bisagara vya Samariya ntiyamenye uburyo bwo gusenga Imana y’ico gihugu, ku buryo iguma ibarungikamwo intambwe+; kandi ehe ziriko zirabica, kuko ata n’umwe azi uburyo bwo gusenga Imana y’ico gihugu.”