Abalewi 3:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 “‘Kandi nimba ishikanwa ryiwe ari iryo mu mukuku ngo ribe ikimazi c’ugusangira gihabwa Yehova, azoshikiriza ikigabo canke ikigore kitagira agahonzi+. Abaheburayo 7:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Kuko umuherezi mukuru nk’uwo ari we yari atubereye+, uwuri intahemuka+, inziraburyarya+, uwudahumanye+, uwutandukanijwe n’abacumuzi+, kandi yacitse uwuri hejuru kuruta amajuru+. Abaheburayo 9:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 none amaraso+ ya Kristu, uwishikanye ku Mana atagira ikirabagu+ biciye ku mpwemu idahera+, ntazorushiriza guhumanura amajwi yacu yo mu mutima agakira ibikorwa bipfuye+ kugira dukorere ya Mana nzima igikorwa ceranda+? 1 Petero 2:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Nta gicumuro yakoze+, eka kandi nta buhendanyi bwabonetse mu kanwa kiwe+.
6 “‘Kandi nimba ishikanwa ryiwe ari iryo mu mukuku ngo ribe ikimazi c’ugusangira gihabwa Yehova, azoshikiriza ikigabo canke ikigore kitagira agahonzi+.
26 Kuko umuherezi mukuru nk’uwo ari we yari atubereye+, uwuri intahemuka+, inziraburyarya+, uwudahumanye+, uwutandukanijwe n’abacumuzi+, kandi yacitse uwuri hejuru kuruta amajuru+.
14 none amaraso+ ya Kristu, uwishikanye ku Mana atagira ikirabagu+ biciye ku mpwemu idahera+, ntazorushiriza guhumanura amajwi yacu yo mu mutima agakira ibikorwa bipfuye+ kugira dukorere ya Mana nzima igikorwa ceranda+?