24 Kandi vyose uze ubishire ku biganza vya Aroni no ku biganza vy’abahungu biwe+, ubizungagize irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa* imbere ya Yehova+.
30 Amaboko yiwe azozana ikinure+ co ku nkoro bwa mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro. Azokizanana na ya nkoro kugira kizungagizwe irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa*+ imbere ya Yehova.