ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 2:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ibisigaye kuri nya shikanwa ry’intete ni ivya Aroni n’abahungu biwe, bibe ikintu ceranda rwose co ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro+.

  • Abalewi 6:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ibisigaye kuri ryo Aroni n’abahungu biwe bazobirya+. Bizoribwa ari udutsima tutagiramwo umwambiro+, babirire ahantu heranda. Bazobirira mu kigo c’ihema ry’ihuriro.

  • Abalewi 24:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Bize bicike ivya Aroni n’abahungu biwe+, kandi baze babirire ahantu heranda+, kuko ari ikintu ceranda rwose kuri we kivuye ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro, bibe ingingo nyobozi gushika igihe kitagira urugero.”

  • Guharura 18:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ivyo bizoba ivyawe bikuwe ku bintu vyeranda rwose, kw’ishikanwa rishikanishwa umuriro, ishikanwa ryabo ryose hamwe n’ishikanwa ry’intete+ ryabo ryose n’ishikanwa ry’igicumuro+ ryabo ryose n’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+ ryabo ryose, ivyo bazonsubiza. Ni ikintu ceranda rwose cawe n’abahungu bawe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika