Kuvayo 23:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+. Kuvayo 34:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ariko ibicaniro vyabo muze mubisiturire hasi; inkingi nyeranda zabo muze muzisavye; ibikingi vyeranda vyabo na vyo muze muvyicire+. Gusubira mu vyagezwe 7:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 “Mugabo ibi ni vyo mukwiye kubagirira: Ibicaniro* vyabo mukwiye gusiturira hasi+, inkingi nyeranda zabo mugasenyura+, ibikingi vyeranda vyabo+ mukicira+, ibishusho vyabo bibajwe mugaturira n’umuriro+. Gusubira mu vyagezwe 12:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Mutegerezwa gusiturira hasi ibicaniro vyayo+ no gusavya inkingi nyeranda zayo+, kandi mukwiye guturirira mu muriro ibikingi vyayo vyeranda+ no kwicira ibishusho bibajwe+ vy’imana zayo, murandure n’amazina yazo ave aho hantu+.
24 Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+.
13 Ariko ibicaniro vyabo muze mubisiturire hasi; inkingi nyeranda zabo muze muzisavye; ibikingi vyeranda vyabo na vyo muze muvyicire+.
5 “Mugabo ibi ni vyo mukwiye kubagirira: Ibicaniro* vyabo mukwiye gusiturira hasi+, inkingi nyeranda zabo mugasenyura+, ibikingi vyeranda vyabo+ mukicira+, ibishusho vyabo bibajwe mugaturira n’umuriro+.
3 Mutegerezwa gusiturira hasi ibicaniro vyayo+ no gusavya inkingi nyeranda zayo+, kandi mukwiye guturirira mu muriro ibikingi vyayo vyeranda+ no kwicira ibishusho bibajwe+ vy’imana zayo, murandure n’amazina yazo ave aho hantu+.