Yosuwa 6:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 abaherezi indwi batwaye inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama imbere y’isandugu ya Yehova bǎgenda baravuza inzamba badahagarika; inteko zifise ibikenewe ku bw’intambara na zo zagendera imbere yabo, mu gihe abacunzi b’inyuma bari bakurikiye isandugu ya Yehova inzamba zibandanya kuvuzwa+. 2 Ngoma 15:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nuko arasohoka aja imbere ya Asa maze amubwira ati: “Nyumvirize, ewe Asa na Yuda yose na Benyamini yose! Yehova azobana namwe nimwabana na we+; nimwamurondera+, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba+.
13 abaherezi indwi batwaye inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama imbere y’isandugu ya Yehova bǎgenda baravuza inzamba badahagarika; inteko zifise ibikenewe ku bw’intambara na zo zagendera imbere yabo, mu gihe abacunzi b’inyuma bari bakurikiye isandugu ya Yehova inzamba zibandanya kuvuzwa+.
2 Nuko arasohoka aja imbere ya Asa maze amubwira ati: “Nyumvirize, ewe Asa na Yuda yose na Benyamini yose! Yehova azobana namwe nimwabana na we+; nimwamurondera+, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba+.