10 Musa na Aroni bakoraniriza ishengero imbere ya nya rutare, maze Musa ababwira ati: “Umve rero, mwa bagarariji+ mwe! Mbega muri uru rutare ni ho tubakurira amazi+?”
7 “Ibuka: Ntiwibagire ingene wateye ishavu Yehova Imana yawe mu gahinga+. Kuva kuri wa musi wava mu gihugu ca Misiri gushika uje aha hantu, mwabaye abagarariji mu nyifato mugira kuri Yehova+.