ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 14:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Kandi abahungu banyu bazocika abungere mu gahinga+ imyaka mirongo ine, kandi bazobwirizwa kwishura ubusambanyi+ bwanyu, gushika imivyimba yanyu iherengetereye mu gahinga+.

  • Guharura 32:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 ‘Abagabo baduze bavuye mu Misiri, kuva ku myaka mirongo ibiri kuduga+, ntibazobona ubutaka narahiye Aburahamu na Izahaki na Yakobo+, kuko batankurikiye n’umutima wose,

  • Gusubira mu vyagezwe 1:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 ‘Nta n’umwe muri aba bagabo b’iri yaruka ribi azogenda abonye ca gihugu ciza narahira ko nzoha ba so+,

  • Zaburi 95:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ni bo narahiye mw’ishavu ryanje+ nti:

      “Ntibazokwinjira ahantu hanje h’ukuruhukira+.”

  • Zaburi 106:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Nuko aduza ukuboko kwiwe ararahira ku biberekeye+,

      Yuko yobatsinze mu gahinga+,

  • Ezekiyeli 20:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Jewe naradugije rero ukuboko ndabarahira mu gahinga+, yuko ntazobazana mu gihugu nari natanze, igihugu gitemba amata n’ubuki+ (ni ikirezi mu bihugu vyose+),

  • Abaheburayo 3:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mugabo ni bande yarahiye+ yuko batokwinjiye mu karuhuko kayo atari bamwe bagambarara+?

  • Yuda 5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Nshaka kubibutsa, naho vyose+ mubizi rimwe rizima, yuko Yehova, naho yakijije igisata c’abantu agikuye mu gihugu ca Misiri+, mu nyuma yatikije abaterekana ukwizera+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika