ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 13:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Umuntu niyazana mu rukoba rw’umubiri wiwe igiturika canke igisekera+ canke ikibibi kandi kikavamwo koko icago c’imibembe+ mu rukoba rw’umubiri wiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi canke umwe mu bahungu biwe, abaherezi+.

  • Abalewi 13:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Umuherezi+ aze arabe nya mubiri muzima, aheze amenyeshe ko ahumanye. Nya mubiri muzima urahumanye. Ni imibembe+.

  • 2 Ngoma 26:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Azariya umukuru w’abaherezi n’abaherezi bose ngo bahindukire kumuraba, baza babona yafashwe n’imibembe mu ruhanga+! Nuko bamukura ng’aho banyaragasa, na we nyene yihutira gusohoka, kuko Yehova yari yamukubise+.

  • Malaki 2:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kuko iminwa y’umuherezi ari yo ikwiye kugumya ubumenyi, itegeko rikaba ari ryo abantu bakwiye kuronderera mu kanwa kiwe+; kuko ari we ntumwa ya Yehova nyen’ingabo+.

  • Mariko 1:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 amubwira ati: “Urabe ntihagire umuntu n’umwe ugira ico ubwiye, mugabo genda wiyereke umuherezi+ maze ku bw’uguhumanurwa kwawe ushikane ibintu Musa yategetse+, kugira bibabere intahe+.”

  • Luka 17:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Abakubise ijisho, ababwira ati: “Gende mwiyereke abaherezi+.” Maze bariko baragenda, barahumanuka+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika