Abalewi 13:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 “Umuntu niyazana mu rukoba rw’umubiri wiwe igiturika canke igisekera+ canke ikibibi kandi kikavamwo koko icago c’imibembe+ mu rukoba rw’umubiri wiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi canke umwe mu bahungu biwe, abaherezi+. Abalewi 13:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Umuherezi+ aze arabe nya mubiri muzima, aheze amenyeshe ko ahumanye. Nya mubiri muzima urahumanye. Ni imibembe+. 2 Ngoma 26:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Azariya umukuru w’abaherezi n’abaherezi bose ngo bahindukire kumuraba, baza babona yafashwe n’imibembe mu ruhanga+! Nuko bamukura ng’aho banyaragasa, na we nyene yihutira gusohoka, kuko Yehova yari yamukubise+. Malaki 2:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kuko iminwa y’umuherezi ari yo ikwiye kugumya ubumenyi, itegeko rikaba ari ryo abantu bakwiye kuronderera mu kanwa kiwe+; kuko ari we ntumwa ya Yehova nyen’ingabo+. Mariko 1:44 Bibiliya y’isi nshasha 44 amubwira ati: “Urabe ntihagire umuntu n’umwe ugira ico ubwiye, mugabo genda wiyereke umuherezi+ maze ku bw’uguhumanurwa kwawe ushikane ibintu Musa yategetse+, kugira bibabere intahe+.” Luka 17:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Abakubise ijisho, ababwira ati: “Gende mwiyereke abaherezi+.” Maze bariko baragenda, barahumanuka+.
2 “Umuntu niyazana mu rukoba rw’umubiri wiwe igiturika canke igisekera+ canke ikibibi kandi kikavamwo koko icago c’imibembe+ mu rukoba rw’umubiri wiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi canke umwe mu bahungu biwe, abaherezi+.
15 Umuherezi+ aze arabe nya mubiri muzima, aheze amenyeshe ko ahumanye. Nya mubiri muzima urahumanye. Ni imibembe+.
20 Azariya umukuru w’abaherezi n’abaherezi bose ngo bahindukire kumuraba, baza babona yafashwe n’imibembe mu ruhanga+! Nuko bamukura ng’aho banyaragasa, na we nyene yihutira gusohoka, kuko Yehova yari yamukubise+.
7 Kuko iminwa y’umuherezi ari yo ikwiye kugumya ubumenyi, itegeko rikaba ari ryo abantu bakwiye kuronderera mu kanwa kiwe+; kuko ari we ntumwa ya Yehova nyen’ingabo+.
44 amubwira ati: “Urabe ntihagire umuntu n’umwe ugira ico ubwiye, mugabo genda wiyereke umuherezi+ maze ku bw’uguhumanurwa kwawe ushikane ibintu Musa yategetse+, kugira bibabere intahe+.”
14 Abakubise ijisho, ababwira ati: “Gende mwiyereke abaherezi+.” Maze bariko baragenda, barahumanuka+.