Gusubira mu vyagezwe 7:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+. Gusubira mu vyagezwe 28:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Yehova azogushimangira umubere igisata ceranda+, nk’uko yabikurahiye+, kuko ubandanya kugumya amabwirizwa+ ya Yehova Imana yawe, kandi ukaba wagendeye mu nzira ziwe.
6 Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+.
9 Yehova azogushimangira umubere igisata ceranda+, nk’uko yabikurahiye+, kuko ubandanya kugumya amabwirizwa+ ya Yehova Imana yawe, kandi ukaba wagendeye mu nzira ziwe.