6 “‘Kuko ntazosubira kwumvira impuhwe ababa mu gihugu+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Ehe rero ngira ntume abantu bagwa, umwe wese agwe mu kuboko kwa mugenziwe+ no mu kuboko kw’umwami wiwe+; emwe, igihugu bazokigira ubunywenywe, kandi nta we nzorokora mu kuboko kwabo+.’”