31 Ica kabiri ca Gileyadi, na Ashitaroti+ na Edireyi+, ibisagara vy’akarere k’ubwami ka Ogi muri Bashani, biba ivya bene Makiri+ mwene Manase, ni ukuvuga ivy’igice ca bene Makiri hakurikijwe imiryango yabo.
4 Agira abahungu mirongo itatu bagendera ku ndogobwa zikuze+ mirongo itatu, bakaba bari bafise ibisagara mirongo itatu. Bino bibandanya kwitwa Havoti-yayiri+ gushika n’uyu musi; biri mu gihugu ca Gileyadi.