ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 22:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Niwamucumukuza mu buryo ubwo ari bwo bwose, maze akandirira, sinzobura kwumva amaborogo yiwe+;

  • Gusubira mu vyagezwe 24:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ukwiye kumuha impembo yiwe ku musi wiwe+, kandi izuba ntirikwiye kurenga utarayimuha, kuko ari mu ngorane kandi ku mpembo yiwe akaba ari ho yeza umutima, ntahave aririra Yehova akurega+, maze bikakubera igicumuro+.

  • Yobu 34:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Ngo batume amaborogo y’umuntu mutoyi amushikira,

      Gutyo akumva amaborogo y’abarushwa+.

  • Imigani 21:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nayo uwiziba ugutwi ngo ntiyumve umwidogo w’umuntu mutoyi+, na we nyene azohamagara ntiyishurwe+.

  • Yakobo 5:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Raba! Impembo y’abakozi bimbuye imirima yanyu mugabo mukayigumya+ iguma isemerera+, kandi ugutaka+ kw’abashwabuzi kwashitse mu matwi+ ya Yehova nyen’ingabo*.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika