Kuvayo 22:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Niwamucumukuza mu buryo ubwo ari bwo bwose, maze akandirira, sinzobura kwumva amaborogo yiwe+; Gusubira mu vyagezwe 24:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ukwiye kumuha impembo yiwe ku musi wiwe+, kandi izuba ntirikwiye kurenga utarayimuha, kuko ari mu ngorane kandi ku mpembo yiwe akaba ari ho yeza umutima, ntahave aririra Yehova akurega+, maze bikakubera igicumuro+. Yobu 34:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Ngo batume amaborogo y’umuntu mutoyi amushikira,Gutyo akumva amaborogo y’abarushwa+. Imigani 21:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nayo uwiziba ugutwi ngo ntiyumve umwidogo w’umuntu mutoyi+, na we nyene azohamagara ntiyishurwe+. Yakobo 5:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Raba! Impembo y’abakozi bimbuye imirima yanyu mugabo mukayigumya+ iguma isemerera+, kandi ugutaka+ kw’abashwabuzi kwashitse mu matwi+ ya Yehova nyen’ingabo*.
15 Ukwiye kumuha impembo yiwe ku musi wiwe+, kandi izuba ntirikwiye kurenga utarayimuha, kuko ari mu ngorane kandi ku mpembo yiwe akaba ari ho yeza umutima, ntahave aririra Yehova akurega+, maze bikakubera igicumuro+.
4 Raba! Impembo y’abakozi bimbuye imirima yanyu mugabo mukayigumya+ iguma isemerera+, kandi ugutaka+ kw’abashwabuzi kwashitse mu matwi+ ya Yehova nyen’ingabo*.