Kuvayo 24:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Amaherezo afata igitabu c’isezerano+, agisomera mu matwi y’abantu+. Maze bavuga bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora no kubigamburuka+.” Gusubira mu vyagezwe 17:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kandi, niyafata icicaro ciwe ku ntebe y’ubwami bwiwe, aze yiyandikire mu gitabu ikopi y’iri tegeko afatiye ku rijejwe abaherezi, Abalewi+. Gusubira mu vyagezwe 31:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 “Muze mufate iki gitabu c’itegeko+, mugishire iruhande y’isandugu+ y’isezerano rya Yehova Imana yanyu, kandi ng’aho kize kibe icabona kikwagiriza+. Yosuwa 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe+; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose+; kuko ari ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi+.
7 Amaherezo afata igitabu c’isezerano+, agisomera mu matwi y’abantu+. Maze bavuga bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora no kubigamburuka+.”
18 Kandi, niyafata icicaro ciwe ku ntebe y’ubwami bwiwe, aze yiyandikire mu gitabu ikopi y’iri tegeko afatiye ku rijejwe abaherezi, Abalewi+.
26 “Muze mufate iki gitabu c’itegeko+, mugishire iruhande y’isandugu+ y’isezerano rya Yehova Imana yanyu, kandi ng’aho kize kibe icabona kikwagiriza+.
8 Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe+; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose+; kuko ari ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi+.