5 Ariko mwitwararike cane gushitsa ibwirizwa+ n’itegeko Musa umusavyi wa Yehova yabategetse, mu gukunda Yehova Imana yanyu+, mu kugendera mu nzira ziwe zose+, mu kugumya amabwirizwa yiwe+, mu kwumira kuri we+ no mu kumukorera+ n’umutima wanyu wose+ n’ubuzima bwanyu bwose+.”