ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 11:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Mu nyuma Harani apfira mu gihugu c’amavukiro ari kumwe na Tera se wiwe, i Uri+ h’Abakaludaya+.

  • Itanguriro 11:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Inyuma y’ivyo Tera afata Aburamu umuhungu wiwe na Loti umuhungu wa Harani, umwuzukuru wiwe+, na Sarayi+ umukazana wiwe, umugore wa Aburamu umuhungu wiwe, baraheza bajana na we bavuye i Uri h’Abakaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani+. Mu nyuma bashika i Harani+ maze babayo.

  • Itanguriro 15:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+:

  • Yosuwa 24:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Mugabo nimba ari bibi mu maso yanyu gukorera Yehova, nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera+, ari imana ba sogokuruza banyu bari hakurya ya rwa Ruzi bakorera+ canke imana z’Abamori bene igihugu mubayemwo+. Ariko jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika