Itanguriro 12:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nzohezagira abaguhezagira, uwuguhamagarirako akabi nzomuvuma+, kandi imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri wewe+.” Guharura 25:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “Abamidiyani nibatotezwe, kandi muze mubice+, Guharura 31:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Barwana intambara na Midiyani, nk’uko Yehova yari yategetse Musa, bica ab’igitsina-gabo bose+. Guharura 31:49 Bibiliya y’isi nshasha 49 bamubwira bati: “Abasavyi bawe baharūye igitigiri cose hamwe c’abarwanyi tujejwe kandi nta n’umwe muri twebwe vyavuzwe ko abuze+.
3 Nzohezagira abaguhezagira, uwuguhamagarirako akabi nzomuvuma+, kandi imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri wewe+.”
49 bamubwira bati: “Abasavyi bawe baharūye igitigiri cose hamwe c’abarwanyi tujejwe kandi nta n’umwe muri twebwe vyavuzwe ko abuze+.