ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 1:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Raba, Yehova Imana yawe yagabuye ico gihugu mu maboko yawe+. Duga, ucigarurire, nk’uko Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yakubwiye+. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+.’

  • Gusubira mu vyagezwe 7:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 ntuze ubatinye+. Uko bigenda kwose ukwiye kwibuka ivyo Yehova Imana yawe yagiriye Farawo na Misiri yose+,

  • Gusubira mu vyagezwe 31:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Kandi Yehova ni we agendera imbere yawe. Ubwiwe azogumana nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+.”

  • Yosuwa 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 None si jewe ndagutegetse+? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu+, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose+.”

  • Zaburi 27:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Yehova ni umuco wanje+ n’ubukiriro bwanje+.

      Ni nde nzotinya+?

      Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje+.

      Ni nde nzogirira ubwoba+?

  • Yesaya 12:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Raba! Imana ni yo bukiriro bwanje+. Nzokwizigira singire ubwoba+; kuko Ya* Yehova ari we nkomezi+ zanje n’ubushobozi+ bwanje, kandi yacitse ubukiriro bwanje+.”

  • Abaroma 8:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika