18 Umwe muri nya basuku arishura, ati: “Urazi, narabonye ko mwene Yese Umunyabetelehemu ari umuhanga mu vyo kuvuza inanga+; ni umugabo w’intwari kandi w’umunyenkomezi+, akaba n’umurwanyi+; ni umuntu avugana ubwenge+, akaba n’umugabo aremye neza+, kandi Yehova ari kumwe na we+.”