ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 15:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+:

  • Kuvayo 23:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+.

  • Guharura 34:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “‘Uruhande rwanyu rwo mu bumanuko ruze ruhere ku gahinga ka Zini rugende rubangikanye na Edomu+, urubibe rwanyu rwo mu bumanuko na rwo ruze ruhere ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+ mu buseruko.

  • Gusubira mu vyagezwe 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Hindukire mufate inzira, mwinjire mu karere k’imisozi k’Abamori+ no mu babanyi babo bose i Araba+, akarere k’imisozi+ na Shefela* na Negebu+ n’inkengera y’ikiyaga+, igihugu c’Abanyakanani+, na Libani+, gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+.

  • Yosuwa 15:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Rwarabandanya i Azimoni+, rugasohoka ruja mu mwonga wa Misiri+; nya rubibe rwagarukira ku kiyaga. Urwo ni rwo rwabaye urubibe rwabo rwo mu bumanuko.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika