18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+:
31 “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+.
3 “‘Uruhande rwanyu rwo mu bumanuko ruze ruhere ku gahinga ka Zini rugende rubangikanye na Edomu+, urubibe rwanyu rwo mu bumanuko na rwo ruze ruhere ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+ mu buseruko.
7 Hindukire mufate inzira, mwinjire mu karere k’imisozi k’Abamori+ no mu babanyi babo bose i Araba+, akarere k’imisozi+ na Shefela* na Negebu+ n’inkengera y’ikiyaga+, igihugu c’Abanyakanani+, na Libani+, gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+.