ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 15:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Rwaca ruduga rwerekeza ku mubande wa mwene Hinomu+, rwerekeza ku mumanuko w’Umuyebusi+ mu bumanuko, ari ho Yeruzalemu+; nya rubibe rwaca ruduga rwerekeza kw’isonga ry’umusozi urabana n’umubande wa Hinomu mu burengero, uwuri ku mpera y’ikiyaya co hasi ca Refayimu+ mu buraruko.

  • 2 Ngoma 28:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 We ubwiwe afumbisha umwotsi w’ibimazi+ mu mubande wa mwene Hinomu+ atangura no guturirira abahungu biwe+ mu muriro, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli+.

  • Yeremiya 7:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Bubatse ibibanza bikirurutse* vy’i Tofeti+ hari mu mubande wa mwene Hinomu+, kugira ngo baturirire abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+, ikintu ntari narabategetse kandi kitigeze kinza mu mutima+.’

  • Yeremiya 19:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Hanyuma usohoke uje mu mubande wa mwene Hinomu+ uri ku bwinjiriro bw’Irembo ry’Injo. Maze utangarize ng’aho amajambo ngira nkubwire+.

  • Matayo 5:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese abandanya kurakira+ mwene wabo azobibazwa+ na sentare; mugabo uwo wese abwira mwene wabo ijambo ry’akagaye ritovugwa azobibazwa na Sentare Ntahinyuzwa; nayo uwo wese avuga ngo: ‘Wa gipfu c’igisesema we!’, azoba akwiriye Gehena* yaka umuriro+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika