Gusubira mu vyagezwe 32:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Batangura kuyiteresha ishari+ imana z’ahandi+;Baguma bayibabarisha ibintu biteye ishishi+. Abacamanza 2:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Gutyo baheba Yehova Imana ya ba se yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+, bakurikira izindi mana mu mana z’ibisata vy’abantu vyari irya n’ino yabo+, batangura kuzunamira, ku buryo bababaza Yehova+. Abacamanza 4:1 Bibiliya y’isi nshasha 4 Maze bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova Ehudi amaze gupfa+.
12 Gutyo baheba Yehova Imana ya ba se yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+, bakurikira izindi mana mu mana z’ibisata vy’abantu vyari irya n’ino yabo+, batangura kuzunamira, ku buryo bababaza Yehova+.