49 Nuko nya bantu bose na bo nyene, umwe wese muri bo aca ishami ryiwe, bakurikira Abimeleki. Maze begeka nya mashami kuri nya cumba co mu kuzimu, hanyuma bagiha umuriro hejuru yabo, bituma abantu bose bo mu munara wa Shekemu na bo nyene bapfa, ari nk’abagabo n’abagore igihumbi+.