Yosuwa 2:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Nya bagabo na bo bamubwira bati: “Twebwe tuzopfa mu kibanza canyu+! Nimutatumenera ibanga, ibi rero ni vyo bizoba: Yehova niyaduha iki gihugu, ntituzobura kukugirira ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubwizigirwa+.” Rusi 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nawomi arahava abwira abakazana biwe bompi ati: “Nimugende, musubire inyuma, umwe wese ku nzu ya nyina. Yehova abagirire ubuntu bwuzuye urukundo+, nk’uko nyene mwabugiriye abo bagabo bāpfuye, be na jewe+. Imigani 17:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Umugenzi nyakuri akundana igihe cose+, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa+. Imigani 19:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Ikintu co kwipfuzwa mu muntu yakuwe mw’ivu ni ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+; kandi ntahonikora aruta umuntu w’umubeshi+.
14 Nya bagabo na bo bamubwira bati: “Twebwe tuzopfa mu kibanza canyu+! Nimutatumenera ibanga, ibi rero ni vyo bizoba: Yehova niyaduha iki gihugu, ntituzobura kukugirira ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubwizigirwa+.”
8 Nawomi arahava abwira abakazana biwe bompi ati: “Nimugende, musubire inyuma, umwe wese ku nzu ya nyina. Yehova abagirire ubuntu bwuzuye urukundo+, nk’uko nyene mwabugiriye abo bagabo bāpfuye, be na jewe+.
17 Umugenzi nyakuri akundana igihe cose+, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa+.
22 Ikintu co kwipfuzwa mu muntu yakuwe mw’ivu ni ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+; kandi ntahonikora aruta umuntu w’umubeshi+.