26 Ubu rero mukama wanje, ndahiye ukubaho kwa Yehova+ be n’ukubaho kwawe+, Yehova yakubujije+ kwinjira mu vy’ukwagirwa n’amaraso+ no gutuma ukuboko kwawe bwite gushitsa ubukiriro bwawe+. Ubu rero, abansi bawe be n’abarondera kugirira nabi umukama wanje barakaba nka Nabali+.