Gusubira mu vyagezwe 28:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Yehova azoguteza ibisazi+, n’uruhumyi+, n’ukuzazanirwa mu mutima+. Zaburi 102:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Umutima wanje ukubiswe nk’ivyatsi kandi urumye+,Kuko nibagiye gufungura udufungurwa twanje+. Zaburi 143:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Kandi umushaha wanje+ uradendebukiwe muri jewe;Hagati muri jewe, umutima wanje uratimvye+.