14 Yehova buno abwira Musa ati: “Andika ibi mu gitabu+ bibe icibutso, wongere ubimenyeshe mu matwi ya Yosuwa, uti: ‘Nzohanagura buhere ukwibukwa kwa Amaleki munsi y’amajuru+.’”
29 Abamaleki+ ni bo baba mu gihugu ca Negebu+; Abaheti n’Abayebusi+ n’Abamori+ baba mu karere k’imisozi; Abanyakanani+ na bo baba iruhande y’ikiyaga no ku nkengera ya Yorodani.”
2 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo+ avuze: ‘Ntegerezwa kugira ico mbajije+ Amaleki ku vyo yagiriye Isirayeli igihe yamurwanya mu nzira ariko araduga avuye mu Misiri+.