3 Mbonye ko utankijije, nca niyemeza gushira ubuzima bwanje mu kaga*+, nja kurwanya bene Amoni+. Nuko Yehova abatanga mu kuboko kwanje. Kubera iki none uyu musi muduze kundwanya?”
5 Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga*+ yica Abafilisitiya+, ku buryo Yehova yashikije ubukiriro bukomeye+ ku bwa Isirayeli yose. Warabibonye maze uranezerwa. Kubera iki none wocumura ku maraso y’intungane mu kwicisha+ Dawidi ata co azira+?”