Abacamanza 9:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 kandi dawe yarabarwaniye+ agahakwa kuhasiga ubuzima+ kugira abarokore mu kuboko kwa Midiyani+, 1 Samweli 19:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga*+ yica Abafilisitiya+, ku buryo Yehova yashikije ubukiriro bukomeye+ ku bwa Isirayeli yose. Warabibonye maze uranezerwa. Kubera iki none wocumura ku maraso y’intungane mu kwicisha+ Dawidi ata co azira+?” 1 Samweli 28:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Uwo mugore aza rero kuri Sauli maze abona ko yari yabuze amahoro rwose. Nuko amubwira ati: “Ehe umusukukazi wawe yagamburutse ijwi ryawe, ndaheza nshira ubuzima bwanje mu kaga*+, ngamburuka amajambo wambwiye. 2 Samweli 23:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Hanyuma avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe+, ewe Yehova, yuko nokora ico kintu! Mbega nywe amaraso+ y’aba bantu bagiye, bakemera gushira ubuzima bwabo mu kaga?” Ntiyemera kuyanywa. Ivyo ni vyo abo bagabo b’abanyenkomezi batatu bakoze. Yobu 13:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kuki ntwara inyama z’umubiri wanje mu menyo,Ngashira ubuzima bwanje mu kaga*+? Zaburi 119:109 Bibiliya y’isi nshasha 109 Ubuzima bwanje bwama mu kaga*+;Mugabo sinibagiye itegeko ryawe+.
5 Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga*+ yica Abafilisitiya+, ku buryo Yehova yashikije ubukiriro bukomeye+ ku bwa Isirayeli yose. Warabibonye maze uranezerwa. Kubera iki none wocumura ku maraso y’intungane mu kwicisha+ Dawidi ata co azira+?”
21 Uwo mugore aza rero kuri Sauli maze abona ko yari yabuze amahoro rwose. Nuko amubwira ati: “Ehe umusukukazi wawe yagamburutse ijwi ryawe, ndaheza nshira ubuzima bwanje mu kaga*+, ngamburuka amajambo wambwiye.
17 Hanyuma avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri jewe+, ewe Yehova, yuko nokora ico kintu! Mbega nywe amaraso+ y’aba bantu bagiye, bakemera gushira ubuzima bwabo mu kaga?” Ntiyemera kuyanywa. Ivyo ni vyo abo bagabo b’abanyenkomezi batatu bakoze.