18 Abigayili+ aca arihuta, afata imikate amajana abiri be n’imibindi mininiminini ibiri y’umuvinyu+ n’intama zitanu ziteguwe+, n’ingero za seya zitanu z’intete zikaranze+ n’udutsima ijana tw’inzabibu zumye+ n’udutsima amajana abiri tw’insukoni zafyonzwe zikegerana+, abishira ku ndogobwa.