25 Nuko Yehoshafati n’abantu biwe baza gusahura isahu+ ryabo; baronka muri bo ibintu n’ivyambarwa n’ibintu bihimbaye, vyinshi; batangura kubambura ivyo bitwarira gushika aho badashobora gutwara ikindi kintu na kimwe+. Bamara imisi itatu basahura nya sahu, kuko ryari ryinshi.