11 Umwe ahamagara i burasirazuba inyoni ihiga+, agahamagara mu gihugu ca kure umuntu wo gushitsa impanuro yanje+. Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa+. Naravyiyumviriye, no kubikora nzobikora+.
11 ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera+. Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo+, mugabo rizokora koko icampimbaye+, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye+.