Kuvayo 7:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ariko umutima wa Farawo ucika intabarirwa+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze. Kuvayo 8:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Farawo ngo abone habaye agahengwe, akomantaza umutima wiwe+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze+. Kuvayo 14:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nayo jewe, ehe ndaretse imitima y’Abanyamisiri icike intabarirwa+, ngo binjireyo babakurikira, no kugira ngo niheshe ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare, imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe+. Abaroma 9:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nuko rero, uwo ishaka iramugirira imbabazi+, mugabo uwo ishaka iramureka agacika intabarirwa+.
15 Farawo ngo abone habaye agahengwe, akomantaza umutima wiwe+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze+.
17 Nayo jewe, ehe ndaretse imitima y’Abanyamisiri icike intabarirwa+, ngo binjireyo babakurikira, no kugira ngo niheshe ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare, imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe+.