Guharura 17:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nuko bene Isirayeli batangura kubwira Musa bati: “Noneho turapfuye ata kabuza, turayogeye ata kabuza, nta kabuza twese turayogeye+. 2 Samweli 6:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nuko uwo musi Dawidi atinya Yehova+, avuga ati: “Isandugu ya Yehova izoza iwanje gute+?” 1 Ngoma 13:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nuko uwo musi Dawidi atinya Imana y’ukuri+, avuga ati: “Nzozana gute iwanje isandugu y’Imana y’ukuri+?” Zaburi 76:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Wewe, urateye ubwoba+,Kandi ni nde yohagarara imbere yawe ngo arinde inkomezi z’ishavu ryawe+?
12 Nuko bene Isirayeli batangura kubwira Musa bati: “Noneho turapfuye ata kabuza, turayogeye ata kabuza, nta kabuza twese turayogeye+.
12 Nuko uwo musi Dawidi atinya Imana y’ukuri+, avuga ati: “Nzozana gute iwanje isandugu y’Imana y’ukuri+?”