Gusubira mu vyagezwe 24:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 “Ntuze ugoreke urubanza rwa kavamahanga+ canke rw’impfuvyi*+, kandi ntuze ufate bwa ngwati impuzu y’umupfakazi+. Yobu 34:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Emwe, ni ukuri Imana ntikora ivy’ububisha+,Kandi Mushoboravyose ntagoreka urubanza+. Imigani 31:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 kugira ngo umuntu ntahave anywa akibagira ivyashinzwe, akagoreka imburano z’uwo ari we wese mu bana b’amarushwa+. Yeremiya 22:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 ‘Vy’ukuri amaso yawe n’umutima wawe nta handi biri atari ku nyungu y’akarenganyo yawe+, no ku maraso y’intungane kugira ngo uyasese+, no ku kugunga no ku kunyaga, kugira ngo ubikore.’
17 “Ntuze ugoreke urubanza rwa kavamahanga+ canke rw’impfuvyi*+, kandi ntuze ufate bwa ngwati impuzu y’umupfakazi+.
5 kugira ngo umuntu ntahave anywa akibagira ivyashinzwe, akagoreka imburano z’uwo ari we wese mu bana b’amarushwa+.
17 ‘Vy’ukuri amaso yawe n’umutima wawe nta handi biri atari ku nyungu y’akarenganyo yawe+, no ku maraso y’intungane kugira ngo uyasese+, no ku kugunga no ku kunyaga, kugira ngo ubikore.’