Gusubira mu vyagezwe 17:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Niwateba ukinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, kandi ukaba wacigaruriye kandi wakibayemwo+, maze ukaba uvuze uti: ‘Reka nishirireho umwami wo kunganza, cokimwe n’amahanga yose ankikuje+’; 1 Samweli 12:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ubu rero ng’uyu umwami mwatoye, uwo mwasavye+; kandi ehe Yehova yashizeho umwami wo kubaganza+. Hoseya 13:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “None umwami wawe ari hehe, ngo agukize mu bisagara vyawe vyose+, n’abacamanza bawe, abo wambwiye ku biberekeye uti: ‘Numpe umwami n’abaganwa+’? Ivyakozwe 13:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Mugabo kuva ico gihe basaba umwami+, Imana iraheza ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini+, mu myaka mirongo ine.
14 “Niwateba ukinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, kandi ukaba wacigaruriye kandi wakibayemwo+, maze ukaba uvuze uti: ‘Reka nishirireho umwami wo kunganza, cokimwe n’amahanga yose ankikuje+’;
10 “None umwami wawe ari hehe, ngo agukize mu bisagara vyawe vyose+, n’abacamanza bawe, abo wambwiye ku biberekeye uti: ‘Numpe umwami n’abaganwa+’?
21 Mugabo kuva ico gihe basaba umwami+, Imana iraheza ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini+, mu myaka mirongo ine.