3 Nuko indogobwa z’ingore+ za Kishi se wa Sauli ziratakara. Kishi abwira rero Sauli umuhungu wiwe ati: “Ndakwinginze utore umwe mu basuku hanyuma uhaguruke, uje kurondera izo ndogobwa z’ingore.”
16 Sauli na we abwira sewabo ati: “Yaratubwiye ata kwihenda yuko za ndogobwa z’ingore zabonetse.” Mugabo ca kintu Samweli yari yavuze kijanye n’ingoma, ntiyakimubwira+.