Zaburi 141:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ewe Yehova, nushirireho umurinzi akanwa kanje+;Nushire umucunzi ku muryango w’iminwa yanje+. Imigani 10:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya+, ariko uwugumya iminwa yiwe aba akoranye ubwenge+. Imigani 13:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Uwurinda akanwa kiwe aba ariko azigama ubuzima bwiwe+. Uwutaburura iminwa yiwe, emwe, uwo azohura n’agatikizo+. Imigani 21:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Uwugumya akanwa kiwe n’ururimi rwiwe aba arinze ubuzima bwiwe amarushwa+. Imigani 27:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Uw’ahandi abe ari we agushemeza, ntikabe akanwa kawe; umunyamahanga abe ari we abigira, ntibe iminwa yawe bwite+. Yeremiya 9:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Inkerebutsi ntiyiyemere kubera ubukerebutsi bwayo+, n’umunyenkomezi ntiyiyemere kubera inkomezi ziwe+. Umutunzi ntiyiyemere kubera ubutunzi bwiwe+.”
19 Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya+, ariko uwugumya iminwa yiwe aba akoranye ubwenge+.
3 Uwurinda akanwa kiwe aba ariko azigama ubuzima bwiwe+. Uwutaburura iminwa yiwe, emwe, uwo azohura n’agatikizo+.
2 Uw’ahandi abe ari we agushemeza, ntikabe akanwa kawe; umunyamahanga abe ari we abigira, ntibe iminwa yawe bwite+.
23 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Inkerebutsi ntiyiyemere kubera ubukerebutsi bwayo+, n’umunyenkomezi ntiyiyemere kubera inkomezi ziwe+. Umutunzi ntiyiyemere kubera ubutunzi bwiwe+.”