Zaburi 141:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ewe Yehova, nushirireho umurinzi akanwa kanje+;Nushire umucunzi ku muryango w’iminwa yanje+. Imigani 10:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya+, ariko uwugumya iminwa yiwe aba akoranye ubwenge+. Imigani 12:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Umuntu mubi afatwa n’umutego w’ukugabitanya kw’iminwa+, mugabo umugororotsi arava mu marushwa+. Imigani 13:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Uwurinda akanwa kiwe aba ariko azigama ubuzima bwiwe+. Uwutaburura iminwa yiwe, emwe, uwo azohura n’agatikizo+. Umusiguzi 10:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Mbere no mu cumba cawe c’uburyamo ntuhamagarire akabi ku mwami+, kandi mu vyumba uryamamwo ntuhamagarire akabi ku mutunzi n’umwe+; kuko ikiremwa kiguruka co mu kirere kizotwara ijwi, n’igifise amababa kikazobivuga+.
19 Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya+, ariko uwugumya iminwa yiwe aba akoranye ubwenge+.
3 Uwurinda akanwa kiwe aba ariko azigama ubuzima bwiwe+. Uwutaburura iminwa yiwe, emwe, uwo azohura n’agatikizo+.
20 Mbere no mu cumba cawe c’uburyamo ntuhamagarire akabi ku mwami+, kandi mu vyumba uryamamwo ntuhamagarire akabi ku mutunzi n’umwe+; kuko ikiremwa kiguruka co mu kirere kizotwara ijwi, n’igifise amababa kikazobivuga+.