ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 10:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya+, ariko uwugumya iminwa yiwe aba akoranye ubwenge+.

  • Imigani 12:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Umuntu mubi afatwa n’umutego w’ukugabitanya kw’iminwa+, mugabo umugororotsi arava mu marushwa+.

  • Imigani 18:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Akanwa k’ikijuju ni ko gatikizo kaco+, kandi iminwa yaco ibera umutego ubuzima bwaco+.

  • Matayo 12:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Ndababwiye yuko ijambo ryose ritagira akamaro abantu bavuga, bazoribazwa+ ku Musi w’Urubanza;

  • Yakobo 1:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo+ yamara ntajiginyike* ururimi rwiwe+, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite+, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze+.

  • Yakobo 3:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Turaruhezagirisha Yehova+, umwe Data+, yamara kandi tukaruvumisha+ abantu babayeho “mw’ishusho y’Imana+.”

  • Yuda 16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Abo bantu ni abidodomvyi+, abidozi bidogera umugabane wabo mu buzima, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite+, kandi iminwa yabo ivuga ibintu vyo kwivyimvya+, mu gihe batangarira abahambaye+ ku bw’inyungu yabo bwite.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika