16 “Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu wo mu gihugu ca Benyamini+; uze umurobanuze amavuta+ abe indongozi y’abantu banje Isirayeli. Ntazobura gukiza abantu banje abakure mu kuboko kw’Abafilisitiya+, kuko nabonye amarushwa y’abantu banje, kubera ko amaborogo yabo yanshikiriye+.”