Abalewi 26:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Muzokinagiza abansi banyu+, bagwishwe n’inkota koko imbere yanyu. Yosuwa 23:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Umugabo umwe gusa muri mwebwe azokinagiza igihumbi+, kuko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira+, nk’uko nyene yabasezeraniye+. Zaburi 44:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko batigaruriye igihugu n’inkota yabo+,Kandi ukuboko kwabo si kwo kwabazaniye ubukiriro+.Kuko vyakozwe n’ikiganza cawe c’iburyo n’ukuboko kwawe+ be n’umuco wo mu maso hawe,Kubera ko wahimbawe na bo+. Abaroma 8:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 None tuvuge iki kuri ivyo? Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya+?
10 Umugabo umwe gusa muri mwebwe azokinagiza igihumbi+, kuko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira+, nk’uko nyene yabasezeraniye+.
3 Kuko batigaruriye igihugu n’inkota yabo+,Kandi ukuboko kwabo si kwo kwabazaniye ubukiriro+.Kuko vyakozwe n’ikiganza cawe c’iburyo n’ukuboko kwawe+ be n’umuco wo mu maso hawe,Kubera ko wahimbawe na bo+.