Itanguriro 38:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Ariko haciye nk’amezi atatu Yuda abwirwa ngo: “Tamari umukazana wawe yagize ivy’umumaraya+, kandi ehe aranibungenze+ bivuye ku bumaraya bwiwe.” Yuda na we avuga ati: “Nimumusohore maze aturirwe+.” 1 Samweli 14:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Abagabo ba Isirayeli bari bamerewe nabi kuri uwo musi, yamara Sauli arahiza abantu+ ati: “Aravumwe umuntu aza kugira ico ariye imbere yo ku mugoroba, gushika nihoye+ abansi banje!” Nuko ntihagira n’umwe mu bantu agira ico ahonja+. 2 Samweli 12:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ishavu rya Dawidi rica rirurumbira cane uwo mugabo+, ku buryo abwira Natani ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, umugabo yakoze ico kintu akwiriye gupfa+! Yakobo 2:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kuko uwutagira imbabazi azocirwa urubanza ata mbabazi+. Imbabazi zirihaya ku rubanza zigina intsinzi.
24 Ariko haciye nk’amezi atatu Yuda abwirwa ngo: “Tamari umukazana wawe yagize ivy’umumaraya+, kandi ehe aranibungenze+ bivuye ku bumaraya bwiwe.” Yuda na we avuga ati: “Nimumusohore maze aturirwe+.”
24 Abagabo ba Isirayeli bari bamerewe nabi kuri uwo musi, yamara Sauli arahiza abantu+ ati: “Aravumwe umuntu aza kugira ico ariye imbere yo ku mugoroba, gushika nihoye+ abansi banje!” Nuko ntihagira n’umwe mu bantu agira ico ahonja+.
5 Ishavu rya Dawidi rica rirurumbira cane uwo mugabo+, ku buryo abwira Natani ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, umugabo yakoze ico kintu akwiriye gupfa+!
13 Kuko uwutagira imbabazi azocirwa urubanza ata mbabazi+. Imbabazi zirihaya ku rubanza zigina intsinzi.