Yosuwa 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Gusa ugire umutima rugabo kandi ukomere cane kugira witwararike gukora wisunze itegeko ryose Musa umusavyi wanje yagutegetse+. Ntukevye ngo uve kuri ryo, ngo ukebereze iburyo canke ibubamfu+, kugira ngo ukorane ubukerebutsi aho uzoja hose+. 1 Samweli 18:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Kandi abaganwa+ b’Abafilisitiya barakunda gusohoka kugaba ibitero; igihe cose basohotse, Dawidi yarakorana ukwigengesera+ kuruta abasuku ba Sauli bose; nuko izina ryiwe riba iry’agaciro rwose+. Imigani 14:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Umwami ahimbarwa n’umusavyi akorana ugutahura kwimbitse+, mugabo uburake bwiwe buza ku wukora ivy’akamaramaza+.
7 “Gusa ugire umutima rugabo kandi ukomere cane kugira witwararike gukora wisunze itegeko ryose Musa umusavyi wanje yagutegetse+. Ntukevye ngo uve kuri ryo, ngo ukebereze iburyo canke ibubamfu+, kugira ngo ukorane ubukerebutsi aho uzoja hose+.
30 Kandi abaganwa+ b’Abafilisitiya barakunda gusohoka kugaba ibitero; igihe cose basohotse, Dawidi yarakorana ukwigengesera+ kuruta abasuku ba Sauli bose; nuko izina ryiwe riba iry’agaciro rwose+.
35 Umwami ahimbarwa n’umusavyi akorana ugutahura kwimbitse+, mugabo uburake bwiwe buza ku wukora ivy’akamaramaza+.