1 Samweli 17:51 Bibiliya y’isi nshasha 51 Nuko Dawidi abandanya kwiruka, aca ahagarara hejuru y’uwo Mufilisitiya. Maze afata inkota yiwe+, ayisokora mu rwubati rwayo aramuhohosha ayimucishije umutwe+. Nuko Abafilisitiya babona ko umunyenkomezi wabo yari apfuye, baca barahunga+. 1 Samweli 31:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nuko bamuca umutwe+, bamwambura ibirwanisho vyiwe maze batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya hirya no hino kumenyesha+ ayo makuru amazu y’ibigirwamana vyabo+ be n’abantu. 2 Abami 10:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nya kete rikimara kubashikira, bafata abo bahungu b’umwami maze barabakerera, abagabo mirongo irindwi+, hanyuma bashira imitwe yabo mu bisimbo baraheza barayimurungikira i Yezireyeli.
51 Nuko Dawidi abandanya kwiruka, aca ahagarara hejuru y’uwo Mufilisitiya. Maze afata inkota yiwe+, ayisokora mu rwubati rwayo aramuhohosha ayimucishije umutwe+. Nuko Abafilisitiya babona ko umunyenkomezi wabo yari apfuye, baca barahunga+.
9 Nuko bamuca umutwe+, bamwambura ibirwanisho vyiwe maze batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya hirya no hino kumenyesha+ ayo makuru amazu y’ibigirwamana vyabo+ be n’abantu.
7 Nya kete rikimara kubashikira, bafata abo bahungu b’umwami maze barabakerera, abagabo mirongo irindwi+, hanyuma bashira imitwe yabo mu bisimbo baraheza barayimurungikira i Yezireyeli.